IKIRUNDI_news

Alikiba ngo ntiyokora nka Diamond agashinga ivya Betting 

Alikiba na Diamond naho bose ari aba Musulman bose ngo ntibabona kumwe ivy’ugushira amafaranga mu bintu bimwe bimwe. 

Ivyo bikaba vyashikirijwe na ALikiba ubwiwe mu misi iheze aho yaganira na bimwe mu binyamakuru aho vyari bimusanze yari yagiye guteramisha muri kimwe mu biteramo yari yatumiwemwo.

Aho bamubaza nimba nawe azohava ashinga ishirahamwe rya Betting nkuko mugenziwe Diamond Platnumz yabonetse arishinga muri ino misi, uwo muririmvyi akaba yavuze ko idini akomokamwo ritamurekurira gushinga amashirahamwe asanzwe nkayo.

Muri ico kiyago akaba yavuze ko atazi idini rya Diamond Platnumz we yashimye gushira amafaranga muri iryo shirahamwe, afatanije n’abanya Kenya kugira bazanire aba Tanzania iryo rindi shirahamwe uno musi ngo riharurwa muyazoba ahagaze neza kugira bazanire ayandi mahigwe abanya Tanzania.

Mwomenya Wasafi Bet ariryo shirahamwe rishasha Diamond aheruka gushiramwo amafaranga, ariko akaba asanzwe azwiko kuba afise amafaranga mu yandi mashirahamwe atandukanye nka Wasafi media, WCB, Zoom Extra, Cheta tuu n’izindi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037