IKIRUNDI_news

Nziza Desire yamaze gushika I Kigali 

Nziza Desire kuva ku musi wa Kane abarizwa I Kigali, Aho yerekeje Inyuma y’ukumara igihe Ari muri Tanzania.

Uwo muririmvyi yatanguye gukora ibikorwa bitandukanye muri ico gihugu birimwo ibiganiro mu binyamakuru bitandukanye, ngo ikimujanye muri ico gihugu n’ukuja gukora amasanamu y’indirimbo Umuyabaga RMX yakoranye na Nina yari mu mugwi Charly na Nina.

Urwo rugendo rukaba rwanabaye rwiza kuko yanahuye na Aline gahongayire, Aho banemeranije kuzokorerana Indirimbo. Uwo muririmvyikazi w’umunyarwanda akaba yanamenyesheje ko Ariwe muririmvyi- Nziza- muri kano karere yambara akaberwa, abo bakunze kwita aba Sapeur.

Naho Nziza agiye gukorana na Nina ngo Indirimbo yakoreye muri Tanzania muri iyi misi yaramazeyo, ngo ishobora gusohoka umwanya n’umwanya, nkuko amakuru dukesha Manager wiwe Martin Kelly abishikiriza.

Ayo makuru nyene akaba abandanya avuga ko hari n’indirimbo uwo muririmvyi wacu yakoranye na Diamond Platnumz, muri iyo misi yaramazeyo ariko arakora.

Mukamenya ko Nziza ubu ikirato yazanye Ari Obrigado, ikirato avuga ko kigwara, ategerezwa kugitera iserumu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037