IKIRUNDI_news

Double ngo yoba yavuze Fizzo na Sat-b

Amajambo Double Jay yashikirije ku mbuga ziwe za Facebook na Instagram ashira ahabona Cover y’indirimbo yabo nshasha, abantu babifashe ugutandukanye.

Abagize ico bashikiriza kuri iyo Post bavuze ko abitangiye yavuze boba ari Big Fizzo, bongeramwo na Sat-b, naho we ata kintu kijanisha kuri iryo zina yashize ahabona.

Muri ayo majambo yashikirije, abandi babona ko yoba yatanguye ivyo kwiyemera, Ingeso batari bamuziko, Kandi ngo iyo nyifato yiwe akaba ariyo bamukundira gusumba ivyo kwiyemera.

Abantu bakaba basavye ko iyo ndirimbo yosohoka kuri uyu wa 22, ariko abandi bagasaba ko yosohoka kuri uyu wa 27 kugira bazoyumvirize ku musi mukuru w’umwaka mushasha.

Mwomenya ko iyo ndirimbo buca isohoka yiswe ibisusu, ikaba izoshirirwa ahabona Audio na Video.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037