IKIRUNDI_news

Dushi Entertainment niyo igiye kuza iramenyekanisha ibikorwa vya Mugisha Movie Company

Rimwe mu mashiranamwe ya Spok’s umumenyeshamakuru akaba n’umuririmvyi Dushi Entertainment ryagiriraniye amasezerano y’ugukorana na Mugisha Movie Company. 

Nkuko amakuru twahawe na Spok’s abitubwira ngo ayo masezerano akaba Ari ayo gupima ( Contract d’essaie) y’amezi 3 azotangura muri uku kwezi kwa 1. Inyuma y’ico gihe bahanye akaba ariho bazoca bagiriranira amasezerano y’igihe kirekire.

Ayo masezerano akaba Ari ayo kumenyekanisha ibikorwa vya Mugisha Movie Company, birimwo amareresi, co kimwe no kubategurira ibikorwa bitandukanye bisanzwe bikorwa na Dushi Entertainment.

Mwomenya ko Dushi Entertainment mu vyo rikorwa harimwo gutegura amakoraniro, amanama, ibiteramo n’ibindi, ariko Kandi bakaba basanzwe banaherekeza abaririmvyi n’ibindi bikorwa bitandukanye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037