homepageIKIRUNDI_newsNewsWorld News

Omicron yatumye ingendo z’indege zirenga 8000 zihagarikwa 

Indege zirenga 8 000 zarahagaritse ingendo zazo mu mpera z’indwi ya Noeli muri Leta zunze ubumwe za amerika.

Hampande y’izo ngendo zahagaritswe, hari n’izindi zitari nke zegejwe inyuma muri iyo mpera y’indwi, mbere bikanavugwa ko no mu ntango z’iyi ndwi irangiza ukwezi kwa kigarama hari n’izindi zizokwigizwa inyuma canke zifutwe.

Ivyo vyose bikaba biriko biba muri Leta zunze ubumwe za Amerika kubera umugera wa CORONA witwa Omicron ngo uriko urarwirirana canemuri ico gihugu. Abarongozi ba rimwe mu mashirahamwe y’indege muri Amerika bakaba mw’itangazo bavuze ko hari abatwara indege n’abandi bakozi bakora mu ndege batabashije kuja mu kazi kubera bagwaye COVID-19.

Abashitsweko n’ivyo si abanyamerika gusa kuko ngo no mu Bushinwa naho nyene ingendo zirenga 2000 zakuwe ku gitigiri c’izokozwe muri ico gihugu, cane cane izihuza Xi’an n’ibindi bisagara. Ico gisagara kikaba gifise abantu barenga 13,000,000 bari muri guma mu rugo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 687