BurundihomepageIKIRUNDI_newsJustice

Batakambira Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye abarenganure

Abo ni bamwe mu banyagihugu bo muri karitiye ya Gasenyi, komine Mutimbuzi mu gisagara ca Bujumbura batswe amatongo ata muzibukiro bahawe.

Nk’uko bishikirizwa na Emmanuel Niyongabo aserukira abo banyagihugu batswe ayo matongo, ngo batangaye babonye urwandiko rwavuye mu biro vy’Umukuru w’Igihugu ruvuga ko muri abo hari abamaze guhabwa umuzibukiro kandi ata nakimwe barabona.

Muri urwo rwandiko rwo kuwa 8 kigarama 2021, Gabriel Nizigama akora mu biro vy’umukuru w’igihugu (cabinet civil), yandikiye umushikiranganji ajejwe inyubako n’uburaro amusaba kwerekana ibibanza bikikuje ingoro y’Umukuru w’Igihugu, abikurikirane anabishire mu ngiro nk’uko biri mw’ibwirizwa ry’umukuru w’igihugu inomero 100/128 ryo kuwa 23 Ruheshi 2016.

Muri urwo rwandiko nyene, Gabriel Nizigama asaba umushikiranganji ajejwe inyubako n’uburaro gusuzuma abamaze kuronswa umuzibukiro n’abatarawuronswa gutyo ntihagire uwuzowuhabwa kabiri.

Yamara n’ubwo biri ukwo, Emmanuel Niyongabo aserukira abo banyagihugu basaba gutunganirizwa amenyesha ko uretse abahora bafise ibibanza mu gice kingana na hegitari 40 hubatswe ingoro y’umukuru w’igihugu bahawe umuzibukiro, abari mu gice kiri inyuma y’iyo ngoro y’Umukuru w’Igihugu gushika ku mahegitari 160 ata n’umwe aratunganirizwa kuva mu mwaka w’2016 bakuwe muri ivyo bibanza babamwo n’imiryango yabo agatakambira Umukuru w’Igihugu gufata ikibazo cabo mu minwe kuko bo ngo barabuze ayo bacira n’ayo bamira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717