BurundihomepageIKIRUNDI_news

Papa François ashobora kugendera Afrika y’ubuseruko

Naho hataramenyekana neza igihe, ariko ngo Papa François ashobora kugendera Afrika y’ubuseruko, igihe akanya kazoba kabonetse.

Ari nka hamwe bibaye Pape François akaba azoba agendeye Africa y’ubuseruko ubugira gatatu kuva mu mwaka wa 2013 asubiriye Pape Benoît wa 16; akaba amaze kugendera Kenya hamwe n’Ubuganda, ariko kandi ico gihe akaba yari yanagendeye na centrafrique hakaba hari mu mwaka wa 2015.

Nk’uko biheruka gushikirizwa na Cardinal Kambanda Antoine, ngo barasavye Papa François ko yobagendera, ariko akaba yavuze ko atigeze abahakanira, ariko ngo bagumanye icizere ko igihe kigeze bazogenderwa.

Urwanda rukaba ruheruka kwakira umu Papa mu mwaka w’1990, aho hari haheze imisi ibiri ahonyoje ikirenge i Bujumbura. Urwo rugendo rukaba rwabaye mu kwezi kw’9 muri uwo mwaka nyene. Uwagendeye ibi bihugu vyacu akaba yari Papa Jean paul 2 yashengeye mu mwaka wa 2005, inyuma y’imyaka 25 ashinzwe ayo mabanga, noneho asubirirwa na Papa Benoît wa 16.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717