EntertainmenthomepageIKIRUNDI_newsImyidagaduro

Aimé M album y’indirimbo zininahaza Imana tuyitege

Amaze igihe kirekire muri uwu mwuga wo kuririmba uravye k’urubuga rwiwe rwa youtube Aimé M urabona ibikorwa vyiwe vyose yamara abikorera mu mahanga kuko ninayo asanzwe aba.

Album yiwe yasohoye 2020 izwi kw’izina rya Experience yari igizwe n’indirimbo 12
(sekila music) abatari bake barayishimye.

Mu kiganiro yakoranye na Indundi Magazine, yarasiguye neza ko aririmba indirimbo zose yaba n’izininahaza Imana (gospel) kuko ngo asanzwe ava mu muryango ukijijwe akarorero n’indirimbo yiwe( Shimwa); n’ubu kandi agira atugaragarize urukurikirane rwiwe ruzoba rugizwe n’indirimbo 15, icipfuzo ciwe ni ukuzirekura mu kwezi kwa ndamukiza 2022 kuko hari izo ataraheza gukora.

Nayo mu kwezi kw’indwi 2022 azoba yishikiye mu gihugu c’amavukiro mu Burundi asangize abarundi iyo album yiwe. Kazoba ari n’akaryo ko kuvugana n’abakunzi biwe biciye ku masamirizi atandukanye na rirya hari haciye igihe adahonyora k’ubutaka bw’uburundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722