homepageIKIRUNDI_newsImyidagaduro

R Flow igikorwa kiri mu nzira, tuzibukire kuko n’umuriro

Aramaze gukora amateka kw’ijwi ryiwe riryohera benshi kuko no k’umuziki w’ikibiriraho arabica bigacika, kanatsinda abifisemwo uburambe, kuva umuhisi Soso k akihari yari bitumwako mu gufata ama refrain.

Yahavuye ashinga umurwi ubona ko ariwe yari kizigenza ( The cousin) wari ugizwe na R Flow, Bamson, Chany Queen mu myaka ya 2012 kubandanya uwo murwi warabica bigacika, yamara mu nyuma yaho twaciye tubura irengero ryawo
co kimwe n’abandi bari kumwe mu murwi na R Flow yaciye atangura gukora ku giti ciwe.

Kuva mu mwaka wa 2015 yari yakubitiye mu gihugu c’Urwanda atangura gukorera mu murwi Jazz Band wari ugizwe n’abaririmvyi b’abarundi nka Olga Lorie ,Chico, Gretta n’abandi ku muziki w’ikibiriraho (karaoké) baremeza abanyarwanda.

Ariko vyaciye bisa nk’uko umengo yatwawe cane na karaoké kuko gusohora indirimbo ziwe ntivyari ikirenga. Atahutse mu gihugu c’amavukiro guhera mu 2020. Mu mpera z’umwaka yaciye atangura gusohora indirimbo ziwe hagati y’aho akaboneka no mu ndirimbo ari kumwe n’abandi ivyo bita(feat)

Tugira turangize umwaka wa 2021 yaduhaye indirimbo yiwe ( Ngwino ) ari kumwe na Double Jay ntadutebeje agira asubire kwugurura umwaka wa 2022 n’indirimbo yiwe ari kumwe na Kingorongoro izoba izwi kw’izina rya( Ni Fo ?sio Fo?) mu majambo yashoboye kwandika agira ati: “Hangwe kitu icho on the way sasa ni fo ao sio Fo.”

Ico dusabwa ni ukurindira nitwamara kuyumva niho tuzomenya neza na neza ubutumwa burimwo. Mu kurindira dukubitire ku rubuga rwiwe rwa youtube R Flow twirabire indirimbo ziwe zisanzwe ziriko.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686