BurundiEast Africa NewshomepageIKIRUNDI_newsImyidagaduro

Abatimbo mu ndirimbo y’umunyarwandakazi Clarisse Karasira

Haraheze imisi ibiri hashizwe ahabona akaririmbo gashasha k’umuririmvyikazi w’umunyarwanda Clarisse Karasira, akorera ibikorwa vyiwe i Kigali, ako karirimbo kakaba kabonetsemwo umugwi w’abatimbo n’ingoma z’abarundi.

Iyo ndirimbo imara iminota iri musi y’3 ikaba yahawe akazina k’ubuntu, nayo ubutumwa burimwo akaba agaruka ku ndoto afise z’uno mugabane wacu wa Africa, aho yipfuza kuwubonamwo abantu bagira Ubuntu.

Mu babashije gushiramwo amajwi muri iyo ndirimbo  hakaba harimwo n’amajwi y’umugwi w’abatimbo b’abarundi basanzwe bakorera ibikorwa vyabo mu gihugu kibanyi c’Urwanda, ariwo Himbaza Club. Uwo mugwi ukaba usanzwe uzwi i Kigali nk’umwe mu migwi isanzwe iteramisha abantu haba mu manza canke mu masabukuru.

Uwo mugwi ukaba wanabonetse mu mahigwanwa nka East African talent aho vyavuzwe ko ari umugwi w’abatimbo w’abarundi ariko ukorera i Kigali.

Uwo mugwi ukaba unamaze kuboneka mu biteramo bitandukanye bibonekamwo abaririmvyi baririmba indirimbo zo guhimbaza Imana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 719