Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 13 Nzero 2022, umugwi Top Junior wo mu Kayanza wagiraniye amasezerano n’Ishirahamwe risanzwe rikorera ivyo kwambika imigwi ( Fitness For Life Ltd) , rirongowe n’umurundi aba mu bwongereza Ndayishimiye Warren Chebby .
Top Junior irongowe na Samugabo Moustapha asanzwe ari icegera ca kabiri c’uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ikaba yagiraniye amasezerano y’imyaka 3 n’iryo shirahamwe kugira rize rirambika uwo mugwi.
Mwomenya y’uko Top Junior ubaye umugwi ugira kabiri uzohora wambikwa n’iryo shirahamwe inyuma ya Bumamuru Fc .