BurundihomepageIKIRUNDI_newsImyidagaduro

Ami Pro ngo bariko baramwiyitirira

Ngo hoba hariho abariko baramwiyitirira bandika amajambo ku ma Status yabo noneho bikaboneka ko yoba ariwe.

Ku musi w’ejo, umumenyeshamakuru wa Buja FM, Ami Pro yamenyesheje akoresheje urubuga rwiwe rwa Whatsapp ko ama Screenshot ariko arakwiragizwa hirya no hino atari ayiwe na gato.

Akavuga ko ari abantu bariko barabikora, noneho bakamiyitirira. Amwe muma Screenshot twabashije kubona akaba agaruka ku kibazo c’amashusho y’urukozasoni agize imisi ariko arakwiragizwa.

Uwo mumenyeshamakuru akaba yerekanye itandukaniro riri hagati ya Compte WhatsApp yiwe n’iyo iriko irakoreshwa, aho avuga ko iyiwe iriko ifoto mu gihe iyo yindi ata kiriko.

Mwomenya ko ayo mashusho amaze gusesa wino itari nke, kuko abatari bake bagize imisi bariko bavuga kuri iyo nyifato yanakwegeye bamwe bagafatwa n’inyamiramabi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717