footballhomepageIKIRUNDI_newsInkino

Cristiano kuja muri PSG ngo ntivyakirwa neza na Lionel Messi

Cristiano Ronaldo ngo ari nka hamwe inzira iriko iraharurwa igenze neza ngo ashobora kwerekeza muri PSG mu mwaka uza, ariko ngo iyo ngingo yoshimisha uwutwara uwo mugwi  Nasser Al- Khelaifi ngo ntiyakirwa neza na Lionel Messi asanzwe uno musi ariwe aza mu kibanza ca mbere mu bakunzwe muri uwo mugwi.

Nkuko amakuru yandikwa n’ibinyamakuru vyo muri Espagne abivuga ngo Cristiano yoba atanezerewe mu mugwi wa Manchester United, none umu Agent wiwe yoba yasabwe kumuronderera iyindi yomwakira, none inzira zabonetse n’izo ku mugabane wa Burayi.

Umugwi wa Manchester United ngo muvyo wipfuza kwoba ari ukugarukana imiliyoni 25 z’ama Euro bamuguze, nayo uwo mukinyi akaba yemera kugabanya umushahara akakira imiliyoni 24 mu gihe yahora kuri 26,5 z’ama Euro.

Ivyo ngo vyoba vyaciye vyugurura umuryango wa PSG, nk’uko ico kinyamakuru El Nacional kibishikiriza. Aho ni mu gihe umukinyi Mbappe hataramenyekana neza umugwi azokinira mu mwaka uza, kuko yamaze kurangiza amasezerano muri PSG ariko atarashira umukono ku masezerano yo gusubira kandi kubakinira, hakavugwa ko inzira ya Real Madrid ariyo ishoboka kuri uwo mukinyi.

Mukamenya ko abo bakinyi uko ari 2 batigeze bakina mu mugwi umwe, ahubwo bamye bakina mu migwi ihanganye cane ari naco caryosha inkino zitari nke bahuriramwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 807