footballhomepageIKIRUNDI_newsInkino

Paul Pogba ashobora gusubira gukinira Man United mu mwaka uza

Paul Pogba ngo ashobora kwongera gukinira umugwi wa Manchester United nk’uko ikinyamakuru The Sun co mu bwongereza kibishikiza, ariko ngo arafise ivyo asaba kugira yemere gusubira gukinira uwo mugwi.

Mu gihe hari hakiri urukurukuru ko uwo mukinyi ariko araronderwa bimwe bikomeye n’umugwi PSG, we ngo abona ko inzira nziza ari ukuguma muri uwo mugwi wa Manchester United, ariko ngo kugira abashe kwemera ngo yagize ico asaba ku mumenyereza w’uwo mugwi.

Paul Pogba ngo yoba yasavye ko umumenyereza Ralf Ranganick yosubira kandi agahabwa ikibanza muri uwo mugwi mu mwaka uza kugira bikunde yemere gusubira kandi kubakinira.

Uwo mukinyi akaba mu kwezi kwa 1 azoba afise ubushobozi bwo kuja mu mugwi wose yipfuza ata kirinze gusabwa kuko mu kwezi kwa 6 azoba arangije amasezerano afitaniye n’uwo mugwi Manchester United.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 807