East Africa NewsAyagezwehohomepageIKIRUNDI_news

Inzira ya Bujumbura-Kigali- Kampala ishobora gusubira kandi kuba nyabagendwa

 

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 31/1 umupaka wa Gatana uhuza ibihugu vy’Urwanda n’Ubuganda uzoba wuguruwe nk’uko biheruka gushikirizwa n’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Urwanda n’ibindi bihugu.

Iyo ngingo yafashwe inyuma y’imyaka 3 uwo mupaka wugawe ngo yarashimishije cane igihugu c’Ubuganda nk’uko biheruka gushikirizwa mw’itangazo bashize ahabona.

Ivyo bikaba bishitse inyuma y’urugendo rwa Lt Gen Muhoozi Kainerugaba asanzwe ari umuhungu w’umukuru w’igihugu c’Ubuganda ariko kandi akaba n’umukuru w’ingabo zigwanira kw’isi za Uganda yakoreye mu Rwanda akabonana n’umukuru w’igihugu c’Urwanda  Paul Kagame aho baganiriye ibijanye n’ugutorera umuti ibibazo biri hagati y’ivyo bihugu.

Abanyarwanda co kimwe n’abagande umunezero ukaba ari wose kubera iyo ngingo, kuko ubu kugira uje i Bugande vyagusaba gufata indege, uburyo butaronka bose.

Mukamenya ko imbere y’uko iyo ntumwa ya Uganda yerekeza mu Rwanda, umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri EAC, urwaruka, inkino n’imicokama Ezéchiel Nibigira nawe yari yagize urugendo muri ico gihugu, abantu bakaba bafise icizere kw’iyugururwa ry’imipaka hagati y’Uburundi n’Urwanda ubona ko ababa kuri iyo mipaka umubabaro ari wose kuko bahora barema amasoko muri ivyo bihugu bibanyi abandi nabo bakahagira imiryango.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 688