homepageAyagezwehoIKIRUNDI_news

Abakozi bo mu bitaro babuze muri Canada

Mu misi iheze twababwiye ko muri Reta zunze ubumwe za Amerika hari ikibazo kidasanzwe co kuronka abakozi kuko abatari bake banse gusubira mu kazi inyuma y’aho ubuzi busubiye kandi kwugurura, ico kibazo nyene kiriko kirashikira bagenzi babo bo muri Canada.

Abakozi batari bake ngo ntibacemera gukora umwanya munini, akazi kahora gakorwa n’umuntu 1 ubu gasigaye gakorwa n’abantu 3 nk’uko biheruka gushikirizwa n’umwe mu bakoresha babuze abakozi.

Umwe mu bakoresha baganiriye na France 24 akaba avuga ko hari akabare kamwe mutwo afise yamaze kwugara kubera ukubura abakozi, akaba avuga ko we ubwiwe aja gufasha ahatari hake harimwo mu batoza amahera canke mu batanga indya canke mu gikoni.

Ico gihugu uno musi gikundwa n’abimukira batari bake kubera ubuvuzi bwaho bumeze neza, nabo bakaba bafise ikibazo c’uko abakozi bagabanutse cane, ama Service amwe amwe akaba yarugaye kubera kubura abakozi bakora.

Ibibanza birenga 912,000 bikaba vyarabuze abakozi muri uno mwaka. Intara ya Quebec ikaba ariyo iza mu kibanza ca mbere mu ntara zabuze abakozi aho yo ubwayo amashirahamwe arenga 64 kw’100 afise ibibazo vyo kuronka abakozi.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686