footballIKIRUNDI_newsInkinokirundi_Sports

Indundi Sports | Agence Ndudi Team All Business yaraye igiraniye amasezerano na Libson Téchnologie

 

 

Ikibazo c’aberorezi mu kwinjira ku bibuga canke mu biteramo babanje kuriha amahera mu kugura ama tike cakemutse.

kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 04 Ruhuguma 2022, mu nyubakwa za Martha Hotel i Bujumbura haraye habaye amasezerano yo gufashanya hagati ya Agence Événementielle Ndudi Team All Business hamwe na Libson Téchnology. Muri ayo masezerano harimwo ugufasha na cane cane aberorerezi mu bikorwa bitandukanye haba muvyukwinjira ku bibuga , mu biteramo biba vyateguwe, ubudandaji, ukwiyunguruza n’ibindi ushobora kugura utarinze gutakaza umwanya ukabisanga aho wibereye  .

Ndudi All Business rero ikazohora ibafasha kubaronderera abo bazoza bakorana mu kugura amatike biciye kuri Application ya Buja Pay .

Buja Play rero akaba ari Application ushobora kuyirondera kuri Playstore ikagufasha kugura itike wipfuza yaba iy’urukino  canke igiteramo kanaka.

Mwomenya ko uwutwara Ndudi Team All Business yarangije atera akamo urwaruka KO rwokura amaboko mu mpuzu bagakora ibikorwa vyobatezimbere bagakorera hamwe kugira bashobore kurwanya ivyo benshi bita ubushomeri.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 315