BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newsmusic

Ikinyarwanda kirahaturiye hagati ya Monia Fleur na Pechie Nation

Pechie Ntabona ryiza inyifato ya mugenziwe Monia, aho abarizwa muri ino misi.

Imyidoga ikaba yatanguye kuboneka kuriwe asanzwe ari n’incuti yiwe, aho yidoga ko uwo muririmvyikazi ariko avuga ikinyarwanda mu kiganiro yahawe, mu gihe ata misi myinshi amaze ari muri ico gihugu.

Yagize ati: “ Iyi Interview irababaje cane, none imisi ibiri umazeyo n’ikirundi wacibagiye.” Yongerako ati: “Abaguhaye ikiganiro bakiguhaye nk’umurundikazi apana nl’umunyarwandakazi ”.

Uwo muririmvyikazi nawe ntiyatevye yaciye amwishura akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagrama aho yamwihanikirije ko akwiye kwubaha ibikorwa vyiwe kuko nawe ivyiwe aravyubaha. Monia akaba yamubwiye ko atari umwana abwirwa indimi avuga n’izo atavuga.

Yagize ati : “ Pechie nyimba ufise ico wubaha ubaha na carrier yanje kuko nawe ivyawe ndavyubaha hama je sindi umwana utegeka ururimi nkwiye kuvuga n’urwo ntakwiye kuvuga. Twubahane kandi Bro.

Ivyo bikaba bibaye inyuma yaho umu Youtubeur Christa Lionne akoreye ibiganiro bitari bike I Kigali agakezwa n’abatari bake kuko ngo yemeje abanyarwanda ikibanza Umuziki w’Uburundi ufise.

Mwomenya ko abarundi batari bake bidogerwa cane kuko ngo iyo bajabutse baja mu Rwanda, ngo mu misi mikeya cane ikirundi kiba canyitse, mu gihe abanyarwanda bon go ikinyarwanda cabo kitadonoka baje I Burundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 744