homepageIKIRUNDI_newsImyidagaduro

Mkombozi isezera ryiwe ngo ntiyari agiye kure y’Uburundi

Ni umuririmvyi w’umu rapeur ariko ku ndirimbo yiwe aheruka gusohora yatangaje benshi iri mu mudiho ukunda gukoreshwa n’abatanzaniya (Sengeri) tutari tumumenyereyeko kanatsinda yanayikoreye mu gihugu ca Tanzania mu rugendo aherukamwo muri ico gihugu.

Mu makuru yacu twabashikirije twarababwiye igenekerezo rya 12 /2/2022 ko ariho azoshira ku mugaragaro vidéo y’indirimbo yiwe Love cost lov, isango yabaye ntabanduka ni nayo ndirimbo yatangaje benshi uciye no kuri indundi Tv urabona amasanamu yaranze ico giteramo Mkombozi ubwiwe yambaye inyambaro yoroshe gutambiramwo Sengeri uravye neza umengo aba akenyeye.

Mu kiyago yagiranye na Indundi Magazine yavuze ko ata vyinshi ashaka kuvuga mugabo umwaka wa 2022 ngo agiye gutangaza cane abakunzi biwe mu bintu batari bamumenyereyeko.

Aho ni mugihe yari ashize ifoto yiwe kuri status agira ati: Thanks Buja for the love Coste support ♥️Goodby See you soon.

Ivyo nivyo vyatumye tumurondera kugira tumenye aho yerekeje, nawe yatwishuye ko atagiye kure agiye iwabo i Nyaza Lac mu ntara ya Makamba, ata n’urugendo yimirije rwo kuva mu Burundi vuba ahubwo abakunzi biwe bitege iyindi ndirimbo nshasha ariko arakorera mu Burundi n’ubwo atarashima kuvuga neza na neza studio ariko arakoreramwo.

Mkombozi ubu akaba abarizwa ku gatumba mu muryango.

Mu kubandanya tumushigikira tuje kuri chaîne yiwe ya youtube ariyo “Mkombozi Lucifer”, turabe indirimbo yiwe nshasha ” Love cost Love”.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686