kirundiIKIRUNDI_news

Sat _B : Collabo 3 nizo agiye gukorera muri Tanzania

Satura kuva igenekerezo rya 3 Ntwarante 2022 abarizwa mu gihugu ca Tanzania akaba yajanywe n’igiteramo yatumiwemo categuwe na Harmonize citiriwe AfroEast carnival cari gihurikiyemwo abaririmvyi bavuye muri Afrika y’ubuseruko.

Mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 12 Ntwarante 2022 mu kiganiro c’ikibiriraho yakoreye ku rubuga rwiwe rwa Facebook yishuye bimwe mu bibazo yabajijwe n’abakunzi biwe
ico amaze kurahura muri ico gihugu ca Tanzania akaba ari uko yasanze bakundana urukundo rudasanzwe arirwo rutuma batera imbere.

kuvyerekeye ko hari indirimbo yakoranye na Harmonize ico ngo ntarashima kugira ico yokivugako mugabo kandi yongeye aravuga Ko muri album yiwe agiye gusohora hazoba harimwo indirimbo yakoranye na Harmonize.

Nayo igitigiri c’indirimbo azokorera muri ico gihugu ngo afise collabo 3, iyo yashize k’umugaragaro akaba ari indirimbo yakoranye na Ibrah ikaba irimuri album ya Ibrah nyene

Igihe azogarukira mu Burundi yishuye kwari Vuba ariko atashimye kuvuga umusi nyezina
kuvyerekeye urugendo rwa Belle nice ngo nawe yagiye mu bindi bikorwa ngo bazobimenyesha vuba n’igihugu yagiyemwo

yarangije asaba abakunzi biwe kubandanya bamushigikira kuko indirimbo agiye gukora agomba gufatisha mu makungu kuko muhira mwaramaze kumutahura ni kuriyo mpamvu yasavye ashimitse kubazokumva yahinduye uko Bari bamumenyereye cane cane indimi azokeresha mva mahanga kugira isi yose Imutahure.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 456