kirundiIKIRUNDI_newsUncategorized

Urwevu: Ubukene ni ingwara naho itama ari rujanyi, fashe ba Nyarucari!!

Imana yaremye umuntu, imuha isi abamwo, ica iyishiramwo ivyo azokenera vyose kugira abeho neza, yamara rero, shetani nawe aca agira inzigo, ababajwe n’ubwo bubasha n’icubahiro bihawe umuntu.

Kuva ico gihe, intambara zirabandanya. Yesu Christu yagize ati, ni mwamenya ukuri nikwo kuzoheza kubabohora. Abakristu benshi bagendera mu mwijima kubera ukutamenya ukuri, uko ibintu vyifashe gutyo ngo babohoke.

Amabi menshi adushikira turaheza rero tukayitirira Imana, ukaza wumva ngo ” ni Imana yabishatse, kandi atari vyo namba, nyabuna ari Shetani n’ingabo ziwe ziriko ziriha inkumbi, zitera amasanganya, indyane, ubukene, ingwara zo mu mutwe kugira ngo gusa iburabuze umuntu kugira amaragamo.

Mu vyo Imana yemereye Umuntu n’uko Imufitiye imigambi myiza( Yeremiya 29:11), aho itegekanya ko yomuhaye kugira amaherezo meza.

Shetani wewe ararahira akarengwa , intumbero yiwe ni ukugumiza abantu mu mwijima maze kugira n’amaherezo yabo azobe umwijima nyene, hakuzohereza mu Muco aho Imana ituye

Intumbero y’Imana n’uko , umuntu wese yoshitse mw’isi y’Isezerano , Igihugu c’amata n’Ubuki aho yamwemereye y’uko, mu kiringo c’ubumaramare, nyabuna izomuha icubahiro. Mu kiringo c’ukuzimagirika naho ( confusion) Ikazomuha nyabuna kugira akanyamuneza kamaho ( Izayi 61:7)

Shetani ivyo ntabiyobewe, nico gituma intambara zose atera aba afise intumbero y’ugutera imibabaro, hamye n’imyidogo. Ivyo navyo akabikora akoresheje ubu buryo bukurikira

1.Uruhumyi rw’umutima ( Confusion)

Aka ni nk’agahunikiro shetani ashira mu bwonko bw’umuntu. Intumbero nyamukuru iri inyuma y’aka gahunikiro ni ukubuza umuntu umunezero. Muti gute? Iyo umaze kugira urwo ruhumyi, umuntu araheza akabura umunezero, bikanka ko yonezererwa mu vyo Imana yamushizemwo. Araheza akaguma yibaza ngo ibindi ni vyo vyoba vyiza kurusha ivyo afise. N’aho abandi bonezererwa bagashimagiza ivyo afise, wewe nyabuna agumana imyidogo, ivyo bigaheza bikamutera kudashobora gushikirwa n’Imigisha ivuye mw’Ijuru.

2. Ubu maramare ( Honte )

Ubwo bumaramare rero, shetani abushira mu bantu akoresheje ico bita ubukene. Ubwo bukene buraheza bukagira ingaruka mbi mu bwonko bw’umuntu. Abahinga batohoje ibijanye n’uko abantu boshika kw’iterambere rirama, bariko barerekana uruhara rw’ubumaramare umuntu aba yaragiyemwo mu kiringo akenye. Ubwo bumaramare buza mu bwonko bwiwe bugaheza bukibonekereza mu nyifato yiwe hanze. Umuntu rero arateba we nyene akiyaka agaciro kiwe muri kameremere kiwe ( Self-esteem) akumva vy’ukuri we nyene ko womengo hari ivyo adakwiye ( Mukama ntibinkwiye).

Araheza rero akangena ariyemeza wenyene bukebuke ko ataco amaze , rero ko kuri iyo mva ata n’umunezero akwiye , ati aho si ahanje. Abadayimoni rero baraheza bagakoresha uburyo bunyuranye kugira bamweze ko vy’ukuri yogomba agatekana, ko kabaye, ivyo bakabikora bakoresheje nk’ibimukikije, aho agera n’abo ahura nabo akabaramutse ntibamusubiza, canke akaja gusaba bino canke biriya bagaheza bakamuraba irabirabi … hamwe ateba akemezwa ko vy’ukuri kamaze kuba. Ibi mushobora guca muvyemezwa na wa mwibutsa twasigiwe na basokuru uvuga ngo ” Uwugowe n’ivyatsi ntibimubisa. Ubwo bumaramare rero buba bufatiye kubitari bike, bimwe muri vyo tukaba twovuga ibi:

-Ibijanye n’akarere ( Environnement ) Nyarucari aba aherereyemwo

Umugabo yitwa JORDAN B.PETERSON mu gitabo yanditse citwa 12 RULES OF LIFE muri Chapitre ya mbere yise ” Stand up straight with your shoulders back” niwe yerekana neza inyifato umuntu ashobora kugira bivanye n’uko yumva yoba ariko arwana nk’uwutsinda canke nk’uwutsindwa. Ivyo abivuga afatiye ku dukoko bihweje iyo turiko turarwana , uko agatsinzwe kifata ugereranijwe n’akaba katsinze. Yerekana ko inyifato y’abarorerezi ifise uruhara runini cane mu nyifato ikurikira uwariko ararwana aheza akagira bivanye n’uko yatsinze canke yatsinzwe. Aho ba sokuru bavuga bati ” Uwutsinzwe ntibaca batsindaho ntahabuze ivyo bari bihweje , ubona ko Umugani ugana akariho

N’ubwonko bwiwe bwite buraheza bukamuva inyuma.

Mu bwonko rero ngo hari utwunyunyu ( hormones ) aritwo twari tujejwe rero gutembera mu bwonko maze tukabutera ukugubwa neza, umuntu agaheza agaca yumva afise akanyamuneza, akaryama agasinzira. Utwo twunyunyu rero, hari utwo mbona abahinga bita ngo  Dopamine : Tujejwe ugutanga umunezero hamwe n’umwete ( Motivation); Ocytocine, utu natwo ngo dukorana n’ibijanye n’urukundo ; Sérotonine : Utu ngo tukaba duha umuntu kwiyumva ko ashoboye( Confiance en soi) hamwe rero n’utwitwa ngo Dopamines natwo duheza tugafasha mu bwonko umuntu yumva ko yorohewe ( Relaxe).

Mu bwonko bwa nyarucari rero, ufatiye nyene kuri ico gitabo twavuze aho hejuru, ngo utwo twunyunyu ntiduheza ngo tuboneke vyoroshe. Muti guki? Imvo ngo n’uko ubwonko bwa nyarucari muri rusangi bwama burikanuye.Arara ntibuca .  Kubera ibintu biba biri uko biri nyene, haraheza hakaba hahavuye haduka mu bwonko bwiwe  ubwoba budasanzwe kandi budasiguritse, aho abona abona ibintu vyinshi nk’ibimugeramiye. Nico gituma ushobora kumwubakira inzu y’ibati, akarara yimutse kuko we azi ko atoyimaramwo kabiri bataramuroga! Hari icirwa cabaye ( Les biais cognitifs d’un Pauvre) cerekanye ko Nyarucari yama yiteze ko icokwaduka cose kirondera uwo gihitana, uko vyogenda vyose ngo kitomusiga Ivyo murashobora kubirabira mu mazina anyuranye twakuze twumva iyo ruguru iwacu nka ba NTAKAMURENGA. ( Naho atawoca avuga ko abitwa gutyo  bose ari ba Nyarucari canke boba bamuka kuri bo)

Urwo ruhagarara rutagira imvo n’imvano ruba ruri mu mutwe wiwe ruraheza rugatuma rero ubwonko bwiwe budaheza ngo burungike twa twunyunyu. Kandi murumva ko ubwonko butabigirana inzigo. Buba bwabanje kuraba ibikikije Nyarucari hamwe n’uko wenyene avyita bugaheza bugasanga nk’ukumurungikira agatiro ngo asinzira kwoba ahubwo ar’ukumugandagura, nk’uko umengo ivyo bimuhanze yitwa ngo arakanura, yihenze ngo arasinziriye bitoreka n’ukumosoga. ( Ugusinzira umukondora zosi).

Intererano

NIco gituma , hambavu y’ukurwanya  ubukene hakoreshejwe  infugurwa  bcanke ugutanga amafaranga mu buryo bw’ikivunga, ababijejwe boheza bagafatira kandi akanya ico kibazo c’uko uba usanze uwo ufashije yoba yaramaze gusinzikazwa n’ubukene . Kuko kazoza k’urubuto uteye karafitaniye isano rikomeye n’uko usanze itongo ryifashe muri ako kanya nyene.  Ntawusuka umuvinyu mushasha mu mpange ishaje.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 491