homepageIKIRUNDI_newsImyidagadurokirundikirundi_entertainment

Inyuma y’amezi indwi ng’iki igikorwa aduhaye Gaga blue

Gaga blue ni umuririmvyi amaze igihe kitari gito mu muziki w’Uburundi. Ugerageje kuraba mu myaka iheze n’ubu hari ukuntu gusohora indirimbo bitakiri ikirenga ariko iyo aramutse asohoye ziza zifise inguvu.

Akarorero ni indirimbo “umwana” yaririmbanye na Fabelove yakunzwe cane. Ariko hari haciye hafi amezi indwi adasohoye iyindi ndirimbo,
igenekerezo rya 20 Rusama 2022, yarekuye indirimbo yiwe izwi kw’izina rya “Dawe” yayikoreye muri studio ya Kuza muziki hamwe na Big Bass, ni indirimbo idafise amasanamu vuba ngo twitege vidéo yayo.

Nayo kuvyerekeye amasezerano bafitaniye na Kuza muziki ntaco arashima kubivugako

Mu kurindira vidéo ya “Dawe”, dukubitire kuri youtube Gaga blue tubandanye tuyumviriza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755