EntertainmentIKIRUNDI_newskirundi

Abishe Mutima akiri muzima ngo n’abariko biyimbira icobo

“Urucira umukate rugahitana i Voka” uwu niwo mugani w’izuka rya Mutima, Inyuma yaho Ku musi w’igenekerezo rya 08 Ruheshi 2022 hiriwe haracanacanako amakuru avuga KO yapfuye .

Uruganda rwa Indundi rumurondeye rugagasanga ari muzima asoma asomera, rwa muhaye indemesho .

Mutima akaba yazindutse ashira Ku mbuga ngurakanabumenyi ziwe umugani yise uwabakurambere , twokwibaza ko ari abakurumbere mu ba nya rwenya, aho mugutangariza abamwifurije urupfu akiri muzima, yabamenyesheje ko icobo bamwimbiye nabo bagikwirwamwo, ngo “Urucira umukate rugahitana i Voka.”

Ivyo biri uko mu gihe uwo Mutima le comédien biboneka Ko ari Ku muvuduko w’iterambere bikabinekera mu biteramo ariko arakora muri Kino gihe, ukwizerwa n’indongizi mu biteramo vy’igihugu, ubushimwe bwinshi , ama aword atandukanye, ndetse Hakaba hagiyemwo n’ubutumire mu biteramo mpuzamakungu nubwo ikibazo c’uburenganzira bwo gushika muri ivyo bihugu bita Visa de séjour bitamworohereje.

Mbega ayo mahirwe menshi yoba ariyo ariko aratuma Minani Fleury ariko yimbirwa icobo n’abatifuza iterambere ryiwe? Muri komentere mu rupfani gira ico mushikirije.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 550