homepageIKIRUNDI_newsImyidagadurokirundikirundi_entertainment

Igihe kirekire Masterland ari mu gacerere vuba ngo tumwitege

Si agaseseshwa rumuri ugerageje kuraba nk’umwaka w’2022 turiko kuwugabura hagati amezi hafi atandatu agomba arangire, umuririmvyi Masterland asanzwe anarongoye Master music akaba anaheruka no gutorwa kurongora ishami ryo muri Bujumbura Mairie muri Amical des musiciens, kuva dutangura 2022 nta ndirimbo yiwe n’imwe arasohora, duheruka indirimbo yiwe Nsomya.

Mu kiganiro yagiranye na Indundi magazine yavuze ngo akari inyuma karahinda
aremeza neza ko Ep yiwe agiye kurekura ngo izoba ari iy’umwaka na rirya yayifatiye umwanya muremure mu kuyitegura.

Ivyo yariko arateka ngo harageze kwavyarura, vuba ngo twitege indirimbo imwe agiye kurekura imbere yuko ashira ahabona Ep. Tugerageje kumubaza izina rya Ep n’izina ry’indirimbo agiye gusohora yatwishuye ko vyose bikiri ibanga gusa ico asaba abakunzi biwe ni ukubandanya bamukurikirana bazonezerwa bibagirwe n’agacerere yahoramwo.

Mu kubandanya tumurindiriye tubandanye turyoherwa n’indirimbo Nsomya kuri youtube yiwe Masterland.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755