kirundi_SportsIKIRUNDI_news

Ya derby ya Basketball y’i Bujumbura| Urunani na New Stars iragarutse

Mugihe iyindi mirwi imwimwe iriko iritegurira igice ca kabiri co gusubiriza muri Viva basketball league umugwi New Star uriko uritegurira urukino rw’indwi yambere rwari rwaraye rwabahuza n’umurwi Urunani .

Kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 19 Ruheshi ibintu ntibizoba vyoroshe ku kibuga c’umupira w’amaboko ca département aho iyo mirwi ibiri Urunani n’a New star bazobica bigacika.

Iyo mirwi ibiri mu gisagara ni iyidasanzwe Ku buryo iyo bakina kubona ibibanza vyo kwicara Ku kibuga ziba nk’intambara, ni derby ikundwa cane ifise n’abarorerezi benshi.

Kuri uwo musi nyene igenekerezo rya 19 ruheshi harategekanijwe izindi nkino ku ruhande rw’abigeme aho ihiganwa ry’abigeme rigiye gutangura.

– 9h00:Lady Dragons vs Young sisters
-11h00:Gradiators vs Les Gazelles

Tukabamenyesha Kandi ko iryo higanwa ry’umupira w’amaboko bitiriye ikinyobwa ça Viva ariryo Viva basketball league ririko rirakinwa n’imirwi 10 harimwo imirwi 6 yo mugisagara ça Bujumbura Hamwe n’imirwi 4 yo muzindi ntara.

Indundi magazine mu gisata cayo ca sport ibipfurije ibihe vyiza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 275