Umugwi Flambeau du Centre, waraye wirahiye Inter Star ibitsindo 2-1 , ivyaciye bituma ikirori cabo ca Flambeau Day kiryoha.
Hari kuri uyu w’Imana,igenekerezo rya 21 Myandagaro 2022 igihe c’isaha icenda 15h00 ku kibuga Ingoma mu Ntara ya Gitega kumurwa mukuru wa poritike , niho umugwi Flambeau du Centre w’i Gitega wari wakiriye umugwi Inter Stars mu rukino rw’indwi ya 2 ya Primus League, urukino rukaba rwarangiye Flambeaux du Centre yirahiye inter Stars ibitsindo 2-1.
Ibitsindo vya Flambeau vyinjijwe na Tuyihimbaze Gilbert hamwe na Abdoul Karim , mugihe ica Inter Stars cinjijwe na Salim .
Urwo rukino rwari twatewe iteka n’uwutwara umugambwe wa CNDD FDD mu ntara ya Gitega Honorable George , Honorable Denis Karera arongoye Musongati Fc , uwusanzwe arongoye umugwi Flambeau du Centre umugwizatunga Kazohera Vénerand , icegera ca kabiri c’uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Samugabo Moustapha n’abandi batandukanye .
Ku ruhande rw’abarorerezi ni irya mbere hakina Flambeau du Centre hama abakunzi b’umugwi Musongati Fc bakaza ari benshi cane aho twasanze mu kibanza bama bicaye cari cuzuye kuburyo bushimishije .
Muri Rusangi Flambeau du Centre Day yari yitabiriwe ku rugero rushimishije habuze gato gusa kugira ikibuga Ingoma cuzure.
Abakinyi ba Flambeau du Centre izokwifashisha uyu mwaka barerekanywe icese ku kibuga Ingoma hamwe na Staff irongowe na Momcilo Modic .
Umuririmvyi Sat- B nawe nawe yaryoheje ibirori aho yaririmvye indirimbo ziwe zikunzwe abantu nka No Love , Beoutiful , Satura amabafre n’izindi hama abakunzi biwe nabo nyene bakazisubiramwo .
Ibirori vyaciye bibandaniriza ku rugo rw’umukwizatunga Kazohera Vénerand asanzwe atwara Flambeau du Centre.