homepagekirundi

Ikibazo Sat- B yabajije kibandanya gitera amakenga

Ni mugihe hariko haraboneka amafoto hirya n’ino ku mbuga ngurukana bumenyi za Sat-B ari kumwe n’umukunzi wiwe Belle Nice, benshi bakaba babandanya kuvuga k’umwambaro Belle Nice yambaye.

Bamwe bati ntiyari akwiye kwambika umukunzi wiwe uko kuntu hama akamushira ku mbuga ngurukana bumenyi hakaba n’abandi bamukeza.

N’ubwo batarashima kuvuga ikiri inyuma y’izo foto biranurwanurwa y’uko yoba ari indirimbo bagiye gushira ku mugaragaro ya Sat_B na Belle-Nice nubwo tutaramenyeshwa ni ryari? Izokwitwa gute?
Ivyo vyose turacabirindiriye.

Inyuma y’ayo majambo yose yagumye avurwa n’abakunzi b’umuziki, Sat-B abicishije kuri Twitter yiwe yanditse agira ati:” Kwani Sat-B nimuimba kwaya”. bisigura mu kirundi ati “Mbega Sat- B yoba ari umuririmvyi aririmba mu rusengero”

Bamwe bagiye bishura muri commentaire yiwe bamubaza ngo kubera iki ubajije ico kibazo abandi ngo n’aho utoba uririmba mu rusengero woraba inyambaro ukoresha.

Tubandanye turindiriye tuzobamenyesha ibikurikira inyuma y’ayo mafoto
tunabibutsa ko Sat- B yari yatubwiye ko album yiwe izosohoka ukwezi kwa Mukakaro 2022 gushika ubu ikaba itarasohoka

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755