BurundiEntertainmenthomepagekirundiUncategorized

Senganzi ngo agafaranga gatanguye kubona, birafasha

Naho ibintu bitaba bihagaze neza mu ntango, Michael Senganzi ngo yarabashije kubandanya uwo mwuga wo gutwenza abantu.

Senganzi ngo kugira bikunde abashe kubandanya gukora Comedie, n’uko hariho ibintu bitari bike vyamufashije kugira abashe kubandanya uwo mwuga.

Muvyo ashikiza ko vyamufashije nk’uko yabiyagiye umwe muba Youtubeur ba hano iwacu, Townnaire, harimwo kubona abandi ba Comediens babashije kugera kure, kugira abagenzi, incuti n’abavukanyi bamushigikira, kumenya ico iyo Comedie imaze, kuko usanga utwengeje abantu bidahagaze ku gace yakomotsemwo, ariko kandi ngo n’agafaranga iyo katanguye kuboneka navyo biratera intege umuntu.

Michael Senganzi akaba ari umwe mu batwenza abantu hano iwacu babimazemwo igihe kitari gito, akaba amaze gutwara agashimwe k’umu Comedien yigenjeje neza muri Africa mu bavuga ururimi rw’igifaransa gatangwa na RFI. Senganzi akaba afise Festival ya Comedie asanzwe atwara ikorera muri kano karere ka Africa y’ubuseruko.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799