Entertainmentkirundi

Ku ncuro yindi Vivy Muyomba araje n’indirimbo nshasha

Vivy Muyomba ni umuririmvyi amaze igihe kitari gito mu muziki ,birashika agasohora indirimbo n’ubwo atari cane ariko iyo asohoye indirimbo yiwe usanga iryohera amatwi kandi ifise impanuro zubaka.

Uzomusanga mu biteramo bitari bike bitegurwa n’amashirahamwe akomakomeye no mu bibanza bikomeye ku muziki wiwe w’ikibiriraho afadikanije n’umutambukanyi wiwe Linah Blanche, baheruka kuduha indirimbo izwi kw’izina rya “Dukundane” ubu naho vuba ngo twitege iyindi ndirimbo yiwe nshasha izoba izwi kw’izina rya “Wewe” ikazosohoka igenekerezo rya 14 gitugutu 2022 ikazosohokera kuri platfom zose zigurisha umuziki.

Abicishije ku rubuga rwiwe yanditse agira ati: “WEWE” NIRYO ZINA RY’INDIRIMBO YANJE NSHASHA WUMVA YOBA ARINDE?
NCUTI WEWE NI JEWE NI WEWE N’UMUKUNZI WAWE CANKE UMUGENZI WAWE URUKUNDO RUHERA MU GATONDO GUSHIKA KU KAGOROBA, URUKUNDO TUVUGA N’URWACU NIWEWE NI JEWE AKADIHO KADUSHWAREMO JEWE NA WEWE.”

Mu kubandanya turindiriye iyo ndirimbo nshasha tube turakurikirana” Dukundane”.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 550