BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Kigingi ngo agiye guhamagarwa ku mugabane wa Amerika

Kigingi inyuma y’ibiteramo yakoreye ku mugabane w’Uburayi, ngo agiye gushika no ku mugabane wa Amerika ya ruguru neza neza muri Canada.

Amakuru dukesha urubuga rwa Instagram rwa Boris Evrard asanzwe ari umwe mu bahamagara abaririmvyi muri ico gihugu, ngo agiye no kwerekeza muri ico gihugu naho.

Ivyo Boris akaba abishikirije inyuma y’aho yerekaniye ku rubuga rwa Instagram nyene inama yariko arakorana na bamwe mubo bafatanije gukora ico gikorwa, aho yamenyesheje ko hari iyindi migambi iri ku meza.

Boris n’umugwi bakorana bakaba aribo baheruka guhamagara abaririmvyi w’abanyarwanda baheruka gukorera muri ico gihugu.

Kigingi akaba muri kino gihe abarizwa mu gihugu c’Ubufaransa aho aza gukorera igiteramo kuri uyu wa gatandatu mu gisagara ca Paris, nayo mu ndwi iza akaba azoca akorera i Toulouse muri ico gihugu nyene.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775