homepageIvyaranguweUrwevu

#Urwevu|Menya cane ibijanye n’agahande “subconscient” kari mu bwonko bwawe

Uko rero, tuguma tubibona cane bigarurka mu bitabo bitari bike, abahinga barerekana ko icatumye aba bateye imbere kuturasha barageze kure cane ngo ar’uko bashoboye kumenya uko agahande kitwa “Subconscient ” bivurwa ko kari mu bwonko gakora.

Ako gahimba rero ngo niko gakoresha ibi bihimba vy’umubiri vyacu, bitadusaba gukoresha ubwenge bwacu, nk’uburyo umutima utera , eka n’ibindi vyose biriko birakorwa aho muri wewe , wewe utanazi uburyo biriko bikora.

Muri ako gace rero ngo harimwo akandi gahimba bivurwa ko gakorana n’Imana rugiravyose, akaba rero ariko abahinga bise( Intelligence infinie du Subconscient). Ako gahande rero ngo niko , mu kiringo kamaze kubona neza isanamu y’ivyo ushaka maze kakayemera ngo gaheza kagashika ku Mana Rugiravyose maze inyishu zigaheza zigashika.

Ivyo rero bica vyumvikana y’uko aba bateye imbere , imbere yacu bahejeje bakamenya imbere yacu uburyo bw’ugukoresha ako gahimba maze bagakora ibintu tweho rimwe na rimwe tubona koko bisiga ubwenge.

Tugiye kuza turegeranya hano na hariyo ukwo ako gahimba gakora maze bukebuke tuzotebe natwe tumenya uko tuvoma kw’isoko kuko na kare ubwenge ngo burarahurwa.

Ako gahande rero niko n’iyo usenze amasengesho aheza ngo akanyuramwo maze bikavurwa y’uko amasengesho yawe yishurwa ar’uko abanje guca muri ako gahande kakabanza kuyemera imbere y’ukuyashikana. Ariko murazi ko amasengesho atishurwa yose none vyoba biva kuki? Ng’ico igituma dukwiye kugira ubushakashatsi bukwiye maze tukazoteba tugatora uburyo twobigenza tukishurwa duciye mu kumenya ibinyegezwa vyihishijemwo. KANDI TUZOBISHIKAKO.

CE URWEVU!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 691