abakinyi bakina hanzefootballkirundi_Sports

# Indundi Sports | Ismail Nshimirimana yafashije kiyovu Sports gutsinda Rayon Sports

Umugwi Kiyovu Sports uhejeje kwirahira Rayon Sports mu rukino rwari rwitabiriwe n’insinzi ry’abantu .

 

 

Hari ku mugoroba wo kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 11 Munyonyo 2022 , aho umugwi Kiyovu Sports wari wakiriye umugwi Rayon Sports mu rukino rw’indwi igira 9 y’ihiganwa rikuru ryo mu gihugu c’Urwanda .

Urwo rukino rukaba rwarangiye Kiyovu Sports itsinze Rayon Sports ibitsindo 2-1 , Umukinyi w’intamba mu rugamba Ismail Nshimirimana niwe yatsinze igitsindo ca mbere ca Kiyovu Sports ku munota wa 10 w’urukino.

Hampande ya Ismail Nshimirimana kuba yakinye urukino rwose abandi bakinyi b’abarundi bakinye urwo rukino rwose ni Bizimana Amiss hamwe na Bigirimana Abedi .

Mu gihe kuruhande rwa Rayon Sports umukinyi Ndizeye Samuel akina inyuma niwe yakinye iminota yose y’urukino .

Mwomenya ko mu masaha ari mbere Ndizeye Samuel , Ismail Nshimirimana hamwe n’umumenyereza wa banyegori wa Rayon Sports Niyonkuru Vladmir baza gufata indege i bashikana i Bujumbura mu ntumbero yo kwitegurira urugendo rwo kwerekeza mu gihugu ca Maroc gukina inkino zibiri za kivandimwe n’igihugu ca Côté d’ivoire hamwe na Guinée Conakry y’abatarenza imyaka 23.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 320