Entertainmenthomepage

B Face kuja i Dubaï kuriwe bisigaye ari nko kuja mu kayanza

B Face mu kiganiro yakorenye na Indundi Tv yavuze ko igenekerezo rya 26 Munyonyo 2022 azoba yafashe indege imushikana I Dubai mu giteramo gitegekanijwe kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 27 Munyonyo 2022 isango ryabaye ntabanduka.

Acishije ku mbuga ngurukanabumenyi akoresha yashizeko amafoto yerekana ko yashitse amahoro ndetse anashimira abashoboye kumwakira.

Yanditse agira ati:”Abantu banje bo mu kamenge duhurire kumutwenzi nahishikiye🤣🤣(jok),
Dubai wah guann mi deh yah already Big tanks kur @pablotiken na team yiw mwakoze kunyakira neza gahunda ni yayindi nyene ejo dimanche muratumiw mwese.”

Tubibutseko B face bugize ubugira kabiri agiye I Dubai
ariko ari ubwambere ajanywe n’igiteramo akazoba arikumwe na Pablotiken.

Murahawe ikaze muzoje kumushigikira mwese muri I Dubai
bandanya mudukurikirana tuzobamenyesha Ivyo azokorera i Dubai nigihe azogarukira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722