kirundi_SportsUncategorized

Indundi Sports | Ihiganwa rya Volley Beach rigiye gutangura | Abakunzi baryo batumirwa kuza ku bwinshi

 

Uburundi bugiye gutegura urubanza rukomeye cane rw’inkino za Volley ikinirwa  ku musenyi .

Hari kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 20 Kigarama 2022 kuri Beach Petit Bassam aho uwurongoye ishirahamwe rya Volleyball mu Burundi ari kumwe n’uwurongoye akarere ka Zone 5 hamwe n’uwujejwe Marketing muri CAVB ,kumwe  n’uwari aserukiye ihinguriro Brarudi rigiye gufata mu mugongo iryo higanwa , bari bramutse batunganya ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru mu ntumbero yo kubabwira ko ihiganwa rya Beach Volley rigiye gutangura .

Iryo higanwa rikazotangura kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 21 gushika kurya 24 Kigarama umwaka wa 2022 kuri Petit Bassam .

Uwurongoye ishirahamwe rya Volleyball  Général de Brigade de Police Serges Ntakavura yaronse akaryo ko gushimira uwurongoye akarere ka 5 ( Zone5) kubona yongeye kubizera kugira batunganye  iryo higanwa , aca aboneraho n’akaryo ko gushimira abantu bose babafashije harimwo ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo inkino.

Bakaba baboneyeho gutumira abakunzi bose b’urwo rukino muri rusangi .

Uwurongoye akarere ka 5 ( Zone ) nawe yaboneyeho akaryo ko gushimira ishirahamwe Brarudi kubona ryarashoboye kubafata mu mugongo biciye mu kinyobwa VIVA, aca aboneraho n’akaryo ko kuvuga ko iryo higanwa rizokwitabirwa n’imigwi ibuye mu bihugu bi 5 gusa. Ivyo navyo ni Uburundi , Tanzania , Uganda , Egypt hamwe na Kenya.

Mukibukako Uburundi muri iryo higanwa buzoba serukirwa n’imigwi 3 mu bahungu hamwe no mu bagore .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 320