Ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi (Amicales des musiciens) rifise Icicaro I Bujumbura ariko rikagira n’amashami atandukanye mu gihugu hagati.
Igenekerezo rya 31 Kigarama 2022 abaririmvyi bahurikiye mw’ishirahamwe ry’abaririmvyi ngaho i Muramvya ngo bagiye guteramisha abakunzi babo Kuri Stade y’i Muramvya nyene kwinjira izoba ari kubuntu kumwe n’abaririmvyi b’imvukira za Muramvya.
Mu kiganiro bagiranye na Indundi Magazine basiguye iciyumviro Co gutegura i giteramo aho cavuye ngo bashatse kwibutsa abarundi Imicokama yabo babicishitse mu gahogo kabo, yamara I Muramvya ngo hariho abaririmvyi babishoboye nubwo bitarakunda ko babamenya mu Burundi hose canke I Bujumbura
barasabako mwobashigikira.
Bakabaha ikaze kugira murangirize hamwe umwaka 2022 ntagusiba rero muje kubashigikira.