EntertainmentkirundiUncategorized

Mr champagne arahaye ubutumwa bukomeye D-one

Mr champagne yatanguye gukeza D-one ko ari umuririmvyi akomeye Kandi abishoboye cane no mu karere ka Afrika bikunda ko yofatisha akoresheje impano yiwe.

 

Yaciye agaruka kubutumwa bamwe na bariya babandanya batanga ku mbuga ngurukanabumenyi buvuga Kukungene Igiteramo kiriko kirategurwa Kuri Stade INTWARI igenekerezo rya 30 Kigarama uyu mwaka nyene kirimwo abaririmvyi b’abarundi gusa.

Ikibazo kiguma cibazwa ngo ni kubiri D-one atagaragaye murico giteramo? Ndetse nawe nyene hari amajambo yanditse afobetse yanditse Ku rubuga ngurukanabumenyi rwiwe ugerageje kuyasoma neza urumva ko D-one ataryohewe n’ukuntu atibona murico giteramo.

Mr champagne vyanse ko yihangana araremesha D-one amubwira ko icambere ari ugukora ikindi ari uguca bugufi, ntiwishurana n’abategura ibiteramo ngo kubera batakwiyumviriye ikindi ni ukwiyegereza abakunzi bawe hama ukiga gutegura ibiteramo vyawe ntakwizera gusa ngo bazogutumira abategura ibiteramo.

Tubibutse ko igenekerezo rya 25 Kigarama 2022 Mr champagne afise igiteramo co gushira ahabona album yiwe kumugaragaro

What's your reaction?

Related Posts

1 of 578