kirundi_Sports

# Indundi Sports | Volley Beach : Uburundi nibwo bwatahukanye igikombe ca Zone 5

 

Igihugu c’Uburundi nico caraye gitwaye ihiganwa rya karere ka gatanu ( Zone 5) .

Hari ku musi wa Gatandatu igenekerezo rya 24 Kigarama 2022, niho hasozerwa rya higanwa mpuzamakungu rya Beach Volley ryari rimaze imisi ririko ribera mu gihugu c’Uburundi rya karere ka 5 ka Africa.

Igihugu c’Uburundi cari kigizwe n’abakinyi nka Yvan Dukundane hamwe na Irangabiye Evrard nico catahukanye igikombe mu rukino rwanyuma , aho cahuye na Egypt kiyitsinda iseti 2 ku 0 kuruhande rw’abagabo .

ku bapfasobi naho , imigwi ibiri yo muri Egypt niyo yakinye urukino rwanyuma , Egypt ya mbere akaba ariyo yaciye itahukana ikibanza ca mbere.

Mwomenyako abashoboye gutsinda ku mpande zose baciye baronka uburengenzira bwo kwitabira inkino zo gukurakuranamwo zo kurondera itike yo kwitabira inkino za Jeux Olympique zizobera mu bufaransa.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 275