Uwahoze ari umumenyereza mukuru wa Bumamuru Fc Vivier Bahati ngo ntarota aba icegera c’umumenyereza Joslin Bipfubusa kuko ari ibintu bitari mu masezerano yagiraniye na Bumamuru Fc .
Ivyo bikaba bibaye inyuma yuko umurwi Bumamuru Fc usinyishije umumenyereza Joslin Bipfubusa kugira abe umumenyereza wayo mukuru .
Vivier Bahati avuga ko uburongozi bwa Bumamuru Fc bwamwegereye bumubwira ko agiye gukorana na Joslin Bipfuza nawe akaba yaciye abwishura ko atarota kuba icegera ciwe kuko bitari mu masezerano yiwe .
Uwo mumenyereza Vivier Bahati yaragize uruhara runini cane mu gufasha Bumamuru Fc kurangiza igice ca mbere c’ihiganwa rya Primus league . gushika muri kano kanya uri mu kibanza ca mbere n’amanota 32 mu nkino 15 , washoboye gutsinda inkino 9 unganya 5 utsindwa urukino rumwe gusa .
Mwomenya ko Joslin Bipfubusa yazanywe gukorana na Vibiee Bahati ari imvukira yo mu ntara ya Cibitoke ibarizwamwo uwo murwi.