Burundikirundi_Sports

# Indundi Sports | Vivier Bahati ngo ntarota aba icegera ca Joslin Bipfubusa

Uwahoze  ari umumenyereza mukuru wa Bumamuru Fc Vivier Bahati ngo ntarota aba icegera c’umumenyereza Joslin Bipfubusa kuko ari ibintu bitari mu masezerano yagiraniye na Bumamuru Fc .

Ivyo bikaba bibaye inyuma yuko umurwi Bumamuru Fc usinyishije umumenyereza Joslin Bipfubusa kugira abe umumenyereza wayo mukuru .

 

Vivier Bahati avuga ko uburongozi bwa Bumamuru Fc bwamwegereye bumubwira ko agiye gukorana na Joslin Bipfuza nawe akaba yaciye abwishura ko atarota kuba icegera ciwe kuko bitari mu masezerano yiwe .

Uwo mumenyereza Vivier Bahati yaragize uruhara runini cane mu gufasha Bumamuru Fc kurangiza igice ca mbere c’ihiganwa rya Primus league . gushika muri kano kanya uri mu kibanza ca mbere n’amanota 32 mu nkino 15 , washoboye gutsinda inkino 9 unganya 5 utsindwa urukino rumwe gusa .

Mwomenya ko Joslin Bipfubusa yazanywe gukorana na Vibiee Bahati ari imvukira yo mu ntara ya Cibitoke ibarizwamwo uwo murwi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 535