BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Rumonge yeretswe Buramatari mushasha

Buramatari yahoze atwara Rumonge agiye gushirwa imbere y’ubutungane, ivyo nivyo biheruka gushikirizwa n’umukuru w’igihugu cacu Evariste Ndayishimiye, aho hari kuri uyu wa 2 aho yari mu rugendo mu Rumonge.

Uwo yahoze atwara Rumonge akaba azokwitaba ubutungane kugira yisigure kuvyo ba Musitanteri baheruka gukurwa bamurega, kuko bavuga ko ivyabashikiye ngo intandaro yavyo ariwe.

Ikinyamakuru Isanganiro dukesha ino nkuru kikaba kivuga ko abandi bazosubira abo bakuwe ngo bazoba bamaze gutorwa mu kiringo kitarenga indwi 1 nkuko Umukuru w’igihugu yabitegetse.

Urwo rugendo Kandi rukaba rwari runagamije kwereke abanya rumonge umutware mushasha w’iyo ntara ya Rumonge. Umukuru w’igihugu akaba yasavye abanya Rumonge gushigikira uwo mutware mushasha mu kwitaho ibikorwa vy’iterambere.

Umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye akaba yanaboneyeho akaryo ko gusaba abanyagihugu ngo bavavanure n’uturwiturwi twuryanya intwaro ibereye.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775