Entertainmentkirundi

Aime M isango yari yatanze ryabaye ntabanduka

Aime M yaratangaje abakunzi biwe bumvise Ko agiye kurekura album izoba igizwe n’indirimbo zo kuninahaza Imana bamwe ngo yoba yakijijwe, abandi ngo Vyoba arivyo vyoroshe ?

Mu nyishu yagiye aratanga yavuga Ko wewe yavukiye mu muryango w’abakijijwe rero kuririmba indirimbo zo kuninahaza Imana kuriwe ari ibisanzwe kandi kitobuza ko azobandanya aririmba n’indirimbo zindi z’urukundo canke z’ubuzima.

 

Yari yaduhaye isango ry’igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2023 ko agiye kurekura vidéo y’indirimbo yiwe “Utukuzwe”isanzwe iri muri album yiwe “Amen”
Ubu ikaba iri kuri youtube
Inyuma y’indirimbo yaraheruka gusohora “Jipyia gani “yakoranye na Zee Cute umutanzaniakazi.

Kubwa Aime M ngo indirimbo afise ni nyinshi hasigaye gusa kumenya uko yozirekura, ngo mubandanye mu mushigikira imbere ni heza.
Tubibutse ko ari umuririmvyi asanzwe akorera ibikorwa vyiwe hanze y’igihugu aho nk’abandi ba diaspora bitaborohera ko ibikorwa vyabo bishigikirwa mu gihugu c’amavukiro

What's your reaction?

Related Posts

1 of 550