BurundiEntertainmenthomepage

Drama T na Kidum bashobora guhurira mu Bubirigi

Nimbona Jean Pierre benshi muzi nka Kidum, agiye gusubira Kandi gukorera ibiteramo ku mugabane wa wa Buraya, inyuma y’imyaka yariko irababa 9 adahonyoza ikirenge kuri uwo mugabane.

Hampande ya Kidum, n’abandi baririmvyi batandukanye barimwo Drama T, Alvin Smith, Mow Kanzie, Double Jay na Kigingi nabo barindiriwe Kuri uwo mugabane muri uno mwaka.

 

Amakuru dukura Kuri uwo mugabane avuga ko bishoboka ko Kidum na Drama T bashobora guhurira mu Bubirigi ukwezi kumwe.
Ariko isoko ryacu, ntiryadutomoreye vy’ukuri umusi ico giteramo kizobera.

Aho ni mu gihe Drama T azokorera igiteramo muri ico gihugu igenekerezo rya 27/5 neza neza I Buruseri, nayo Kigingi we akaba azohakorera Kuri Pasika y’uno mwaka.

Naho amatariki yamaze gusohoka, hakaba hari abagifise amakenga ko abo baririmvyi boba bavuze hakiri kare ko hari igiteramo, Kandi batarahabwa ama Visa, ubona ko zitoroha kuronka.

Kidum akaba azozunguruka ibihugi 7 vyo ku mugabane wa Buraya, ariko hakaba hataramenyekana umusi nyezina urwo ruhererekane ruzotangura.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 743