Entertainmenthomepage

August Burundi yihojeje vidéo ahitamwo gukorana na Endo Mic

Mu makuru yacu twabashikirije twarababwiye ko August Burundi bivanye n’ikirere kitari kimeze neza muri Amerika iyasanzwe aba vyabaye ngombwa ko atofata amasanamu y’indirimbo Nyamwigendako none vyahinduye isura.

 

Mukurindira ko yokora vidéo yaciye aba arakora iyindi ndirimbo biboneka neza ko yayikoranye na Endo Mike yahoze akorera muri Bantu bwoy Ubu asanzwe abarizwa muri Canada.

Ntibikiri urusaku rero abicishije ku mbuga ngurukanabumenyi ziwe yahamagariye abakunzi biwe ko afise indirimbo agiye gusohora igenekerezo rya 1 Ntwarante 2023 ikazoba iri mu rukurikirane rwiwe yise Dukunde Uburundi.

Hagati yaho ngo tubandanye turindiriye Festival Dukunde Uburundi uko izotunganywa vyose tuzobimenyeshwa hanyuma na Management yiwe” IREBE” ikaba arinayo ihagarikiye ibikorwa vyiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722