Entertainmenthomepage

Bahavu wa Fleury Legend abarizwa muri Fespaco

Fleury Legend Umurundi ahinyanyura amasanamu, akaba ari nawe akora ireresi riri mu yakunzwe mu Rwanda muri kino gihe, “Impanga”, yajanye umugore wiwe akaba n’umukinyi akomeye w’amareresi mu Rwanda muri Burkina Faso.

 

Urwo rugendo nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru inyarwanda abishikiriza, barufashe igenekerezo rya 26/2 ku kibuga c’indege ca Kanombe Kiri mu gisagara ca Kigali berekeza I Ouagadougou, aho bitabiriye Festival ya Film ikomeye muri Africa yitwa Fespaco.

Bahavu, Umugore wa Fleury akaba n’umukinyi mukuru mw’ireresi basanzwe bakora, yabwiye ikinyarwanda ko ata reresi ryiwe ryashizwe mw’ihiganwa, ariko ko kuba yahawe akaryo ko kwitabira iryo sabukuru ngo ari akaryo keza ko kuraba izo bazoca bashira mw’ihiganwa ubutaha.

Iyo Festival ikaba imaze kwitabirwa n’abatari bake mu barundi, harimwo na Ibrahim Kwizera Umurundi asanzwe uno musi ari mu batunganya ireresi riri mu yakomeye i Kigali mu Rwanda, ricishwa ku mboneshakure y’igihugu RBA

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722