Entertainmenthomepage

Uwuza gufata ikibanza c’imbere hagati y’abarundi n’abanyarwanda araba nde?

Mu gihe abakuru b’ibihugu baheruka kwerekana umutima w’ugufashanya, abaririmvyi barimwo Kirikou na Kivumbi King nabo bagashiramwo ukuguru bakerekana ko ugukorana ari ngombwa hagati y’abarundi n’abanyarwanda, Kuri Instagram ya Dhumba ho ibintu birashushe aho hariko higwa uwuje gusumba uwundi mu misi ya Vuba hagati y’abarundi n’abanyarwanda.

 

Impari ni zose ku wusumba uwundi hagati y’abarundi n’abanyarwanda ku rubuga rwa Instagram, kubera ibikorwa bigize igihe bikorwa n’abarundi.
Mu gihe Drama T yaraye akoze ibitari bwakorwe n’umuririmvyi n’umwe w’umurundi mu gukwiza Views 100,000 mu masaha 15 gusa, ubu rero impari ni zose ngo hamenyekane uwugiye gufata ikibanza ca mbere.
Dhumba ati abarundi barenuye, abanyarwanda bagira babure iyo baciye, impari ziba ziratanguye. abarundi barimwo Christa Lione, Elsie Gretta, Burundi on the Map, n’abandi bashigikira ko umuvuduko abarundi bariko abanyarwanda bagiye kugahirira ibibazo, ariko abanyarwanda nabo bati wanguha.
Muri ico kiyago cabereye muri commentaire y’iyo post ya Dhumba, abanyarwanda barahiye ko abarundi badasumba abanyarwanda, kuko izo views 100,000 zabonetse mu masaha 15, ngo n’abaririmvyi b’abanyarwanda nkaba Chris Eazy bagize igihe kitari gito bazironka.
Abandi nabo bavuze ko abarundi bakiri kure cane kuko ngo abanyarwanda bakomeye buzuye, aho hakaba haza abaririmvyi b’ibicocoro nka The Ben bo ngo bamaze gukwiza Views 24,000,000, mu gihe abarundi bakiri kure cane.
Abarundi ubona ko badaheranywa, baciye bagarukana Indirimbo nshasha ya Bruce Melodie ngo yoba itarabwe cane nkuko vyari vyitezwe, kuko ari umu Star ngo akunzwe cane muri ico gihugu.
Mu bindi vyashikirijwe n’uko ngo Drama T, Kirikou na Double Jay badakwiye kugira bahangane n’umuziki w’abanyarwanda, ngo hoba hakenewe abandi baririmvyi nka 20 bari ku rugero rw’abo baririmvyi kugira bashire hasi umuziki w’abanyarwanda.
Ibi bikaba vyavuzwe mu gihe hariko havugwa ko izo views zitarizo ngo yoba yaguze Views nka kumwe Bruce Melodie yigeze kugura aba Follower 200,0000 Kuri Instagram, noneho aza kubihinyuza mu kwerekana backstage ya YouTube studio, aho abona uko iyo ndirimbo yiwe iriko iraduga ku mwanya ku mwanya.
Iyo ndirimbo ikaba mu masaha ariko arababa 48 isohotse, imaze kurabwa incuro ziriko zirababa canke zirenga gato 250,000, mu gihe iyaheruka gusohoka ariyo yatuje ibibazo bikomeye yo igeze kuri Views ziriko zirababa 4,000,000 mu mezi 6 gusa.
Ubu rero ibintu bikaba bitoroshe ku mbuga ngurukanabumenyi kuko iyo ndirimbo yavyuye vyinshi mu muziki wa hano iwacu. Birimwo inkundo hagati y’abaririmvyi, agakiza muba Star n’ibindi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722