Entertainmenthomepage

Abakenyezi b’abaririmvyikazi ntibasigaye inyuma mu myiteguro

Ni mugihe hasigaye umusi umwe gusa kugira hahimbazwe igenekerezo rya 8 Ntwarante umusi mukuru wahariwe umukenyezi kw’isi yose , abakenyezi bahurikiye mu myidagaduro nabo bafise ivyo bateguye.

 

Abaririmvyikazi ngo biragoye kugira bikunde bahurize k’umwanya umwe kugira bakorere hamwe igikorwa kimwe bahurikiyemwo bose.

Ivyari amananiza vyashobotse k’umusi mukuru w’abakenyezi ngo bavyubahirije uretse indirimbo bakoreye hamwe bariteze no kuzokwicarana basangire kandi bari no mumwambaro utangwa n’Umupfasoni w’Umukuru w’igihugu.

Inkoko niyo ngoma amakuru uruganda indundi TV rwaronse avuga KO bazohurira “k’umutwenzi Bar” nka indundi TV ntituzohasiba kugira tuzobahe ido n’ido ya vyose.

Ico twobamenyesha nuko ivyo vyose kugira bibe iciyumviro cavuye muri (AMB) Ishirahamwe ry’abaririmvyi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722