BurundiEntertainmenthomepage

Igihimba c’irondoka cahinduwe urushinge

Ayari amajambo atoroshe kuvuga bayagobetse mu nkuru y’ubugwa bw’umwigeme Muhoza, ahari urukundo hagashirwa umuti, ahari igihimba c’irondoka bahashirwa urushinge. Ibi vyumvikana mu ndirimbo umuti yasohotse Kuri uwu wa mbere.

 

Muhoza Godas umwe mu bigeme b’abarundikazi bariko barakora ibikora Inka mu muziki wa hano iwacu, yashize ahabona iyindi ndirimbo yiwe nshasha, iyo ikaba iri mu zari zirindiranywe igishika cinshi.
Iyo ndirimbo imaze amasaha 18 ishizwe ahabona, ikaba imaze kurabwa n’abagera ku 6,800. Iyo ndirimbo ikaba igaruka ku nkuru y’urukundo bashize mu nkuru y’ubugwayi bw’umwigeme, urukundo barwita umuti, igihimba c’irondoka bacita urushinge.
Ibi bikaba bitoroha kubona, utaravye amasanamu y’iyo ndirimbo, n’amajambo bijana. Kuko ariho ibanga ry’ubwo butumwa buri muri zino ndirimbo buba bizingiye.
Iyi ndirimbo yaririndiranywe igishika cinshi n’abafana yaronse, kuko akiri mushasha, ariko agerageza gukora ibishoboka ngo akore ibikomeye.
Muhoza imbere yuko umuti isohoka, yaramaze gusohora izindi naho ziharurwa ku ntoke. Iyaheruka ikaba ari New One, nayo ikaba igeze ku bayikurikirana bagera ku 52,000.
Naho hasohotse umuti, uwo mwigeme asanzwe yisumamwo mu mahanga, aheruka gushikiriza ko afise iyindi ndirimbo yakoze ariko ari RMX y’indirimbo ya Sat-b. Iyo ndirimbo ndirimbo akaba ata burenganzira ayifiseko, ariko akaba yarasavye ngo ahabwe uruhusha ayisohore.
Amakuru dufise akaba avuga ko uwo mwigeme ashobora kuba afise Indirimbo zitari nke ziri mu bubiko, akazoza arasohora buri gihe.
Mu bashimiwe mw’ikorwa ry’iyi ndirimbo harimwo umuhinyanyuzi Brian Smith na Kolly the Magic aribo bakoze Kuri iyi ndirimbo ishobora kuvugisha benshi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 743