Entertainmentkirundi

Meddy Yoba yahimbarije Isabukuru ku nkoni?

Meddy n’umugore wiwe Mimi bagiriye Isabukuru umwana wabo, kuko yarakwije umwaka avutse. Aho ni mu gihe hari hagize imisi insaku bavuga ko Meddy ashobora kuba akubitwa n’umugore wiwe iyo bari muri Amerika.

Umuririmvyi Ngabo Medard benshi muzi nka Meddy n’umugore we Mimi Mehfira bakoreye ibirori bihambaye umwana wabo mu guhimbaza isabukuru y’umwaka amaze avutse.

Mu kwezi Kwa 3 mu mwaka uheze, niho uwo muryango wibaruka imfura y’umukobwa bamwita Myla Ngabo inyuma y’igihe kingana n’umwaka bari bamaze bubatse urwabo.
Mu mashusho yakwirakwijwe ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana ibirori bihambaye vy’isabukuru ya mbere, Meddy na Mimi bakoreye umwana wabo.
Ni ibirori vyitabiriwe n’incuti, n’abavukanyi. Ivyo birori bikaba vyabereye iyo baba muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.
Uwo muririmvyi ari mu baharurwako kuba abaririmvyi bakomeye mu Rwanda, akaba ataheruka gushira ahabona Indirimbo, bagize gutya baza babona asohoye Indirimbo yo guhimbaza Imana yise Grateful.
Uru rubanza rukaba rubaye mu gihe hari hagize imisi havugwa ko Meddy akubitirwa mu nzu n’umugore wiwe, ubu rero kakaba gashobora kuba ari akaryo keza ko kugira abantu babone ukuri ku vyavugwa Kuri uwo mubano utari mwiza hagati ya Meddy ba Mukiwe.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 550