Entertainmenthomepage

Kimana Stein yarize birakomera aho bamwubira

Mu gihe Big Fizzo agize imisi agaruka ku mubano w’abakundana, n’abagenzi muri rusangi, umutambukanyi wiwe ari I Bujumbura, yarize ayo kwarika aho abagore barikumwe muri Entertainment banahuriye muri AMB bamurengukako.

 

Ku musi w’Imana twaraye dusozereye igenekerezo rya 19/ntwarante, abagore n’abakobwa batandukanye bari mu Muziki hano iwacu, bakoreye Surprise Manager Stein, arakorora amosozi.
Mu gihe muri kuno kwezi, arikwo agiramwo isabukuru y’amavuko, umutambukanyi wa Big Fizzo, yabonye abagore batandukanye bamuserukako bamuzaniye Cake hamwe n’ijambo ryavuga ko bamukunda.
Urwo rubanza ntitwabashije kumenya ikibanza rwabereyemwo, ariko icabonetse co nuko bitagarukiye kumuha ivyo gusa, ahubwo banamufashihe gukata iyo Cake noneho barayisangira.
Muri video yaraye ikwiragizwa, Kimana Stein yabonetse afatwa n’ikigumbagumba, arira ayo kwarika, kuko atatahuta ivyo bari bamukoreye.
Naho bashobora kuba bataharengutse bose, ariko ku gipapuro abagiye bagiye bajanye, habonetse ko uwo mugore wa Big Fizzo abaririmvyikazi bamukunda cane, Kandi igitigiri c’amashusho y’abigeme bari muri ino game bamweretse urwo rukundo ari abatari bake.
Uyu akaba ari mu bagore muri ino game bafasha abatari bake, Kandi atanga impanuro akatari gake mu Muziki. Uyu akaba Kandi ari nawe Vice President wa AMB.
Ibi birori bikaba vyabaye mu gihe umukunzi wiwe Big Fizzo, we abarizwa I Burayi. Muri ino misi akaba adahengeshanya gusangiza abamukurikirana amajambo y’ukubigisha uburyo bokwitwara mu bihe ibintu biba bitoroshe haba mu bucuti n’abo bakunda, canke mu bagenzi basanzwe.
Naho bakoze iyo Surprise uno musi, uwo muvyeyi akaba yari yagize isabukuru ry’amavuko igenekerezo rya 14/3. Ico gihe Big Fizzo we akaba yari yamwandikiye amajambo akomeye cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722