Entertainmenthomepage

Yvan Buravan ngo niwe azokwemeza uwuzomusubirira

Chiffa Marty umukobwa yagendanye na Yvan Buravan imbere yuko yitaba Imana, ngo yiteze kuzobona uwundi muhungu bakundana aruko Yvan amurungitse.

Ariko abandi n’abo babibonye ukundi, aho bavuze ko uko avyibaza atariko bizogenda.

Umukobwa azwi kw’izina rya Chiffa Marty yakundana na Yvan Buravan asubiye Kandi kuvugisha benshi mu bakunzi b’uwo muririmvyi, kubera ivyo aheruka gushikiriza Kuriwe.
Aho uwo mukobwa yaha akaryo abamukurikirana Kuri Instagram, ngo bamubaze ibibazo, hari uwamubajije nimba azosubira mu rukundo n’uwundi muntu.
Uwo mukobwa ivyo yishuye vyatumye abantu batavyumva kumwe, bamwe bakabona ko ariko akinisha Imana, abandi bakabona ko abandanya kwitwaza Buravan kugira ibintu vyiwe bigende.
Chiffa Marty yishuye uwo yariko aramubaza ko azobandanya mu rukundo, ko avyemera, ariko ngo azosubira gukundana ngo ariko azokundana n’uwo azorungikirwa n’uwo muhisi Buravan.
Ababonye inkuru yanditswe n’ikinyamakuru Isimbi ntibabivuzeko rumwe, bamwe bamutera umugongo bamwereka ko ivyo avuga bitumvikana
uwitwa dakesh yagize ngo :” Reka kubeshera Yvan, vuga uti Yes God Will Send someone” kubera Van was a person not God Plz.
Uwitwa Real Shafiy yagize ngo :” Akomeye gushinyagurira umurambo wa nyakwigendera.” Uwiringiyinana nawe Ati :” Ibiba mu Mutima y’abantu Imana yonyene n’iyo ibizi.”
Douce nawe ngo :” Ariko uyu mukobwa yakomeje gahunda se adashizemwo nyakwigendera YB”
Abandi bakaba bamushigikiye berekana ko ivyo ashikiriza bifise ifatiro, kuko harimwo urukundo hagati yabo.
Uwitwa Tabitha ngo :” Waou, This is true Love kabisa”. Nayo Leonard agira ngo :” Yasubije ukuri kumurimo, niba avyizeye ko uwuzoza azoba avuye kuwo yahoranye, mu ncuti zabo za hafi ubwo hazovamwo umwe.”
Uyu mukobwa si irya mbere avugwa cane Kuri uyu muririmvyi Bakundanye imbere yuko Buravan ahamagarwa n’umukama. Kuko mu misi iheze yumvikanye agaruka ku musi wari uvuze ikintu gikomeye Kuri bo babiri.
Gushika ubu uyu mukobwa nkuko yabishikirije akaba atarabasha kwerekana uwundi muhungu bagendana, kuko ashobora kuba atahari.
Mukamenya ko uwo muririmvyi naho atakiriho, Indirimbo ziwe ziri mu zibandanya zironderwa cane ku mbuga ngurukanabumenyi zisanzwe zigurisha umuziki. Nko Kuri Boomplay uyu muririmvyi amaze igihe kitari gito ari mu baririmvyi baronderwa cane buri musi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722