Entertainmenthomepagekirundi

Double Jay yari kuronka iyo Leta y’Uburundi ibishiramwo ukuboko

Nkuko Leta y’Urwanda yakoze igashigikira Bwiza akaronka Visa, ngo na Leta y’Uburundi nayo yari kubishobora, Kandi Double Jay yari guca aronkera aho yari yaburiye ubwa mbere.

DJ Paulin ngo yizera ko ivyo ashikiriza Ku ruhara rwa Leta y’Uburundi mw’iterambere ry’umuziki bitazohava bimukorako igihe kimwe.
Uwo Mugabo ari mu berekana agatari gake, uruhara rwa Leta y’Uburundi mw’iterambere ry’umuziki, yerekanye aho Uburundi butabereye magabo kugira umuririmvyi Double Jay aronke Visa.
Mu kiganiro na Juste Gael, DJ Paulin yavuze ko igihe Double Jay abura VISA, ngo ubuserukizi bw’uburundi mu bufaransa bwari gushobora kugira ico bukoze, uwo muririmvyi akabasha kuronka VISA.
Ivyo yabishikirije yifashishije ko mu gihe Bwiza bari baburiye hamwe Visa, ngo we yahavuye aronka, kuko Urwanda rwaciye rubishiramwo ukuboko noneho aba araronse VISA.
Akandi karorero yatanze ni ambassade y’Uburundi muri Belgique yashigikiye igikorwa c’ibiteramo vya Kigingi mu bubirigi ngo vyatumye VISA iboneka, Inyuma y’imyaka myinshi ayirondera akabura.
Muri ico kiganiro nyene akaba ariho yashikirije ko aramutse ahabwa amahigwe yo guhura na Nyakubahwa umukuru w’igihugu, ngo we yomwereka inzira zotuma Leta y’Uburundi yungukira ku baririmvyi ama Miliyaridi atari make, bakareka kumuririra gusa.
Tukiri mu bijanye n’ama VISA, aha mwomenya ko Cristal Event asanzwe aramutswaa afatanije na Boris Evrard mucowintore, bariko baronderera ama Visa abaririmvyi 3, Drama T, Double Jay na Vania Ice, abo bakaba bariko bipfuza kubatwara muri Canada, aho bazokorera ibiteramo bitandukanye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769